ONU irashinja leta ya Congo icaha co kwica abantu barenga 45, bari mu myiyerekano i Kinshasa…

0
33

KINSHASA, CONGO – Ku minsi 19/03/2018 akanama gashinzwe amahoro m’urwego mpuzamahanga, ONU barashinja Republika Iharanira Demokrasi ya Congo kutubahiriza ubuzima bwa kiremwa muntu nyuma yaho byemejwe ko Police ishinzwe kurinda umutekano w’abaturage ndetse n’ibyabo bishe abantu barenga 45 bari mu myiyerekano.

Ikirego cashikijwe mu manza zitandukanye ku isi…

Ibi byose bije nyuma yaho akanama ONU gakoreye iperereza kuri ibi bikorwa bigayitse bivugwa ko byakozwe na Police y’igihu mugihe abantu benshi mu miji itandukanye y’igihugu bakoze imyiyerekano bamagana ingo ya Perezida Joseph Kabila uri k’ubutegetsi. Haciye igihe kitari gito abaturage bo muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo bitotombera ubutegetsi buri ku ngoma, bavuga ko badashaka gukomeza kuyoborwa na Perezida  Joseph Kabila akomeza kuyobora iki gihugu ca Congo.

Mu nzandiko ONU yasohoye zirega leta ya Congo zivuga ko iki gihugu kiri inyuma y’izi mpfu zagiye gikorwa n’abashinzwe kurinda umutekano mu gihugu. Bityo ONU ikaba isaba leta ya Congo kugira ico ikoze mu gukurikirana abakoze ayo mahano cangwe ONU ikazashitsa iki kirego mu manza aho leta ya Congo izakurikiranwa n’iki caha mugihe batsinzwe n’amategeko.

Kuva mu mwaka ushize wa 2017, igihugu ca Congo cagiye kirangwa mo intambara ninshi hagati y’abaturage na Police, ishinzwe kurinda umutekano w’abo baturage. Abantu benshi bagiye bahasiga ubuzima ndetse n’abandi banshi biravugwa ko bakiri mu mavuriro atandukanye hagati mu gihugu. Ibi byose leta yo ikaba ibitera umugongo bisa nkaho nta na kimwe ibizi ho, bikaba ari nabyo byatumye akanama ONU gatanga iki kirego mu manza zitandukanye zishinzwe kurengera ubuzima bwa kiremwa muntu.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here