Perezida wa leta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump aranenga ibikorwa bya FBI…

0
147

WASHINGTON, AMERIKA – Ku minsi 3/12/2017 Perezida wa Leta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, yanenze ibiro bishinzwe iperereza imbere mu gihugu, FBI.

Mu amagambo ye yanyujije k’urubuga rwa Twitter, Trump yavuze ko atigeze abuza James Comey (Uwahoze ari umuyobozi wa FBI) gukora iperereza kubijanye n’ikibazo c’uburusiya na Amerika.

Perezida wa Amerika, Donald Trump.

Ntabwo nigeze mbuza Comey gukora iperereza kuri Flynn. Hari inkuru ninshi zishaka guhishira ikinyoma ca Comey. – Trump –

Tubibutse ko Perezida Trump yirukanye Flynn mukazi kubera kubesha FBI kubijanye n’ikibazo c’igihugu c’Uburusiya na Amerika.

Nkuko byakomeje kuvugwa kenshi mw’itangaza amakuru, biravugwa yuko igihugu c’Uburusiya coba carayobeje amatora ya Amerika kugira ngo ariho Perezida Trump wari uhanganye na Hillary Clinton atambuke.

James Comey, wahoze ari umuyobozi mukuru wa FBI…

Abatavuga rumwe na Perezida Trump bamushinja kuba yarabangamiye ubucamanza mugihe yasabaga James Comey kudakurikirana Michael Flynn.

General-Michael-Flynn, uburanira Trump…

Urukiko rwo ruvuga ko Michael Flynn yabeshe avuga ko atigeze asba Uburusiya kwigiza amatora inyuma ku minsi 22/12/2016. Flynn yabeshe ubuyobozi bwa FBI iminsi ibiri ishize arahiye kuba umujanama wa Perezida Trump.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here