MIKENKE, SUD-KIVU- Polisi yo mu Mikenke yataye muri yombi ukekwa kuba yarishe umukomeretsa mu Mikenke.
Nk’uko twabibagejejeho mu nkuru zacu zambere, ko mu Mikenke hiciwe umukomeretsa arashwe n’abantu bataribamenyekanye hari ku minsi 01-01-2018, ubgo umukomeretsa waruvuye aho bita Bukundji/Mikenke yerekeza mu Minembwe, yahitanwe n’abantu bitwaje imbunda hakaza gukorwa iperereza ninyeshamba za Gumino ndetse na mai-mai, iz inyeshamba za mai-mai zikanaza guteza umutekano muke ubgozakoraga iperereza kururworupfu zikarasa amasasu menshi mu muhana wa Gatenga.
Ku munsi wejo wagatanu, 12/01/2018 polisi yomuri kano gace yafashe ndetse inafunga Mushagalusa ukekwaho kuba ariwe wishe mugenziwe, mugenzi wacu uri muraka karere yavuzeko icamutangaje aruko uwafashwe ari mwenese wabo na nyakwigendera.
Abaturage bo muraka karere baganiriye na Imurenge.com, bashimiye cane igipolisi co murako karere kubgokugaragaza ubushake n’imbaraga kugirango uwakoze ibi abe yafatwa, bakaba banasabako polici yakomeza guhiga abameze nkabo doreko hirya no hino mu karere ka Minembwe hakomeje kugaragara ibikorwa benibyo byubgicanyi nokunyaga.