Raporo inzobere za Loni ziherutse gusohora kuri DR Congo iteye impungenge

3
124

KIVU, DR CONGO – Ku minsi 31/12/2018, inzobere z’umuryango w’abibumbye, agashamyi gashinzwe umutekano kw’isi (UNSC), kasohoye icegeranyo cibanze ku gihugu ca DR Congo, Iki cegeranyo kirashira mu majwi umutwe wa P5 ndetse n’uwa Gumino, gutoza abarwanyi bagamije guhirika ubutegetsi bg’Ikigali.

Mur’iki cegeranyo, izi nzobere zivuga ko zakoze iperereza ryabo mu kwezi kwa Cenda ndetse n’ukwa Cumi mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n’umunani. Bavuga kandi  ko bahawe amakuru na bamwe mu bahoze ari abarwanyi b’uyu mutwe wa P5, Societe Civile, ndetse na bamwe mu basoda ba FARDC.

N’ibisanzwe ko mw’iperereza hobazwa abantu batandukanye hagamijwe gushakisha ukuri, gusa igiteye impungenge cane mur’iki cegeranyo ca Loni gikubiye ku makaratasi 57, nuko havugwamwo  imitwe y’amahanga imwe n’imwe ariko hakirengagizwa indi kandi yose ibahangamiye abanyagihugu ba DR Congo.

Iki cegeranyo gisohotse mu gihe akarere k’ibiyaga bigari gakomeje gututumbamwo umwuka w’intambara, ibi bikaba  bishimangirwa n’imvugo yeruye yakoreshejwe na perezida  Paul Kagame ndetse na mugenzi we Pierre Nkurunziza, iyo mvugo ikaba yarumvikanishaga ko bimwe mu bihugu byo mur’uyu muryango bihungabanya umutekano w’ibindi bihugu.

Ese iki cegeranyo coba ar’igiharanira amahoro cangwa ar’igikongeza umuriro mu karere?

Umutekano w’akarere k’ibiyaga bigari umaze imyaka ishika kur’ine uvugwamo urunturutu. Iki cegeranyo kikaba gisohotse nyuma y’ikindi cari cakibanjirije gishinja leta y’Urwanda guha imyitozo abashaka guhirika leta y’Uburundi ndetse no kubafasasha m’uburyo bg’amafaranga. Ibi bikaba byarakozwe mu mwaka wa 2015 ndetse na 2016, maze abo barwanyi bakoherezwa muri DR Congo.

Imwe mu mitwe yashizwe mu majwi cane mu kuba ifite imigambi yo guhungabanya umutekano w’uburundi irimo; Red Tabara, FNL, na FOREBU.

Amezi atanu ashize mu karere ka Bijombo, Kumurambya, habaye imirwano ikomeye yahuje abasore b’Abanyamulenge bazwi kw’izina rya Twirwaneho ndetse na Mai Mai yo mu bgoko bg’Abafulero, abarwanyi bakomoka mu gihugu c’urwanda ndetse n’uburundi byemejwe n’abaturage ko nabo bagize uruhare mur’izo ntambara.

Uruhererekane rw’izi ntambara zo mu Bijombo rwaguyemo abatari bake, Imihana ku mpande zombi iratwikwa, amatungo aranyagwa, ndetse n’abatari bake bavanwa mu byabo, kugeza nan’ubu bakaba bataratahuka bose.

Ababikurikiranira hafi, basanga ari intambara y’akarere gusa ubutaka bga DR Congo bukaba ikibuga c’isibaniro.

Iyo mitwe yitwaje intwaro ikomoka mu Rwanda n’Iburundi iri mu biteje umutekano muke abaturage ba DR Congo. Biratangaje rero kubona mur’iki cegeranyo izi mpuguke za Loni zitavuga ikibazo cose uko giteye mu rwego rwo kuzana umutekano n’amahoro mu ntara ya Kivu.

Mur’iki cegeranyo barashira mu majwi gusa umutwe wa Gumino na P5 nyamara ntibagira ico bavuga k’umutekano muke abarwanyi bakomoka iburundi bateje mu karere ka Uvira nka; RED tabara, FOREBU, FNL. Ibi bikaba biri muri bimwe bigaragaza ko iki cegeranyo kigamije gukongeza umuriro mu karere aho kugirango kigarure umutekano.

P5 yaba ihabga ibiribga n’Abaturage b’Abanyamulenge?

Mur’iki cegeranyo c’impuguke za Loni, kw’ikaratasi yaco ya 10, bavuga ko abatangabuhamya bahoze mu ngabo za P5, bemeza ko abaturage b’Abanyamulenge batuye mu nkengero za Bijabo baha ibiribga abarwanyi ba P5.

Muri leta iharanira intwaro rusange ya Congo habarizwamo imitwe myinshi cane, k’uburyo imwe iba ifite uduce dutuwe n’abaturage yigaruriye ndetse utanasangamo n’ingabo z’igihugu cangwa za Loni. Ibyo ntago bikorwa kubera ko abaturage babishigikiye nyamara aba ari amaburakindi kuberako abarwanyi baba barigaruriye aho batuye.

Rero izi mpuguke za Loni kuvuga ko Abaturage b’Abanyamulenge batanga ibiribga ku barwanyi ba P5 byaba ari ukwirengagiza ko ari ikibazo c’umutekano muke aho gufatwa nk’abafatanya bikorwa b’umutwe urwanya ubutegetsi bg’ikindi gihugu. Bityo rero kiriya cegerenayo ca Loni kikaba gishobora gushira mukaga abaturage b’Abanayamulenge aho kubazanira amahoro.

Ivuka rya Gumino ryaba rihuriye he no guhungabanya umutekano w’Urwanda?

Mu kwezi kwa 10/2005, ingabo zari zarahungiye mu Rwanda-Coko, igihe c’ubushamirane hagati ya Col Jules Mutebutsi ndetse na Gen Mbuzamabe, 52 muribo bahisemo kugaruka iwabo gusa 47 nibo bashitse ndetse banatuzwa mu Kamombo.

Aba basoda nibo baje kwihuza n’abandi benshi bari bavuye mu ngabo za Leta maze bahurira ku Ndondo zo ku Murambya.

Abenshi mur’abo barwanyi bahoze mu gisoda cari kiyobowe na Gen Pacific Masunzu (FRC) wari wariyonkoye kw’ishaka rya RCD, ishaka babonaga ko ryakoreraga mu nyungu za Leta y’Urwanda.

Nuko abo barwanyi bose baza kwihuriza hamwe mu ngabo za FDP zari ziyobowe na Col Rukunda Makanika Michel.

Ku minsi 17/01/2007 intamabara iratangira maze uyu mutwe urwana na leta , intambara itangirira Bijombo, Rusuku, Mwishenge, Ilungu, Murambya, Kamombo. Gusa aba barwabyi baza gushinga ibirindo kuri Nyamara.

Kuva ico gihe ibitero birakomeza kugeza tariki 20/01/2011, ubgo aba barwanyi bakiriye intumwa za leta ziyobowe na Gen Kahimbi Delphin ndetse na Sultan Makenga maze buzuza imishikirano, ku minsi 28/01/2011 bivanga n’ingabo za leta.

Bamwe mur’abo barwanyi banze kwivanga n’ingabo za leta, bo biyemeza kuguma mu karere k’iwabo maze bagaharanira umutekano w’ababyebyi, abo nibo baje gusigarana izina rya Gumino.

Rero wakwibaza inyungu ki aba barwanyi baba bafite mu guhungabanya umutekano w’urwanda mu gihe basigajwe mw’ishamba no kurinda umutekano w’ababyeyi babo bikayoberana. Inzobere mur’ibi bibazo by’akarere bemeza ko iki kibazo cabaye urusobe nyuma yaho bamwe mu barwanyi bakomoka Irwanda n’Iburundi berekeje m’uburasirazuba bga Congo nyuma yaho ihirikwa rya Nkurunziza ritashobokeye ababyifuza.

Twabibutsa ko P5 ari impuzamashaka irwanya leta y’Urwanda, ikaba igizwe n’amashaka akorera hanze y’Urwanda akaba atemewe n’ubutegetsi bg’ikigali.

 

 

3 COMMENTS

  1. abo banyamwasa na ba p5 ntabo dushaka uwo abanyamulenge bazi ni kagame wadukuye muburetwa akatujajana irwanda none tukaba tumaze gusirimuka ahubwo iyo p5 tuzayisukaho umuriro mwinshi dufatanyije na RDF naho nkurunziza nuwo gutesha umutwe ikibazo cyiwe kiroroshe

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here