Rev. Bitebetebe arasaba imvukire z’imurenge kuhateza imbere.

0
165

MINEMBWE, SUD KIVU –Rev pasteur Bitebetebe akaba na représentant wa méthodiste libre muri Kivu y’ amajepfo, yashitse mu Minembwe kur’iri Posho Ubgo yarakubutse USA m’uruzinduko rw’akazi.

Rev. Bitebetebe aganira n’itangazamakuru mu Minembwe

Umukozi w’Imana Bitebetebe, kuva mu kwezi k’Umunani gushize yari mugikorane c’ivugabutumwa categuwe na méthodiste libre mur’iki gihugu ca USA muri leta ya INDIANA.

Mur’uru rugenzi, Umukozi w’Imana Bitebetebe yaboneyeho akaryo keza ko gukangurira abana b’Imurenge kutibagirwa iwabo, bakahashora ibikorwa by’amajambere.

Bitebetebe yakomeje akangurira benewabo kugera ikirenge muca Dr.Kigabo Mbazumutima, ndetse abasaba kumushigikira bakareka kumuca intege mu gikorwa ciza yatangije co kwubaka ikiwanja c’akabumbu (Stade) mu Minembwe.

Nkuko yabitangarije Imurenge News Agency(INA), Avuga ko hose aho yageze bamwijejeko ko bagiye kuzirikana no gushora imitahe yabo mw’iterambere ry’Imurenge.

Asoza urugenzi rwe, Reverand Bitebetebe, arasaba amatorero yose gusengera amerika ngo kuko amasengero menshi yugaye imiryango. Ati” iki n’igihe c’Abanyafurika kugirango bazane ububyutse kw’Isi hose”.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here