KANANGA, CONGO – Nakabiri ku minsi 28/11/2017 umucamanza kuva mu gihugu ca Canada, Robert Petit yashitse mu muji wa Kananga. Uyu mucamanza niwe ugiye gukurikirana iperereza k’urupfu rw’abakozi babiri ba ONU biciwe muri Congo.
Umuvugizi mukuru wa ONU muntara ya Kananga, General Antonio Guterres yavuze yuko icazanje uyu mucamanza ari gukora iperereza ryatangiye k’urupfu Zaida Catalan na Michael Sharp.
Tubibutse ko izi mpuguke za ONU zombi zishwe mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka wa 2017, (March 2017) mu ntara ya Kasai Central ubwo bari mukazi .