Umuntu ugikunze iwabo, ahatekereza igihe co gutaha carageze: Ikiganiro na Bourgmestre wa komine ya Minembwe…

2
174

BUKAVU, SUD-KIVU – Kuva Minembwe igizwe komine mu mwaka wi 2013 ariko ntikore, Mukiza Gadi Nzabinesha Bourgmestre wa Komine Minembwe nyuma yo guhabga icemezo cari gisigaye ngo atangire gukora, yavuzeko igihe co gutaha bakuba Minembwe cageze. Ni mu kiganiro yagiranye na Imurenge News Agency kuri iri posho iminsi 23/02/2019.

INA: hamwe n’ubu butegetsi busha mu gihugu, murabonako abazabifuza kugaruka mu gihugu igihe cari kigeze ko bataha?

Gadi Mukiza: Cane harageze, harageze ahubgo, ubungubu  hera n’aha muri Plaine ba mai-mai ko barava mugihuru , n’iriya ruguru iyo dynamique (umwuka) niyo twasizeyo, Irurenge abantu bararagiye, ubu mu bijombo ni amahoro kabisa abantu barava Uvira bakazamuka nka kurya kwa kera, uruga umuntu ugikunze,  ugutekereza iwabo nibaze ni karibu, ikibazo dufite gusa ni ibarabara imodoka ntizirenga.

INA:  Bagarutse hari amasomo ahari abana bokwiga?

Gadi Mukiza: Cane, dufite ishuri primaire na kaminuza, n’igice ca seconderi ndangirango kuri UMI, hari amashuri abana biga icongereza bigishwa n’abazungu, hari ishuri rya UGEAFI n’ ishuri ryiza cane, risohora ama diplome menshi ishuri rimeze neza abana baho ntibatinya umwana wize ibuvira, ntibatinya umwa w’Ibukavu. Hari ishuri ry’Irundu hariya aho bita kwa  Mulondanyi kwa Pasteur Harera ishuri ryiza cane, nt’ama complexe dufite y’ahandi kuko abana natwe bariga neza.

Hari ishuri rya gaturika Institut Madegu, ishuri ryiza rifite primaire na secondaire, hari ishuri rya Lycee rya 8e CEPAC ishuri ryiza risohora ama diplôme, ririho abana benshi.

INA: Ariko abayobozi benshi ingo zabo ziba hanze

Gadi Mukiza: Abantu bagira imyumvire itandukanye hari bamwe bajanye ingo basa naho ari migezo bagezeyo baratura, kera iyo umuryango watuye amerika, afurika yepfo nahehe bigasa n’ibigoye ngo aze, ariko ntibisigura ko ari ukwanga igihugu,njye  ibzo  niko mbibona, uko iyo bacanga wenda n’abahaye bagikoramwo baba bara bivuyemwo.

Kuvuga ngo abantu batahe ni byiza, byiza cane tuze ga dukore, kandi nimbaga hari n’amagawa abazoyamaraga ni twebge, ntiturinzega ngo uruzi ruzohogokwa ngo tubone kujabuka, ni twe uburyo dukora, imigambi tugira, amaboko yacu tuyahe ighiugu, tugisengere Imana, tugitekerereze, tugitekerereze, hanyuma tugikunde kandi dukundane.

Nibzo bizozana amajambere hariya iwacu kuko hagiye harangwa n’amacakubiri muma kanisa muri politike, amacakubiri akabije caneariko ikizogira ico kimara ni ukwibagirwa ibzatambutse twese tukiyumvisako kariya karere ari akacu ko tugomba kugakorera, ubbgenge bgawe burakenewe uburyo bgawe burakenewe, kugirango twese duhuze n’ubutunzi bgacu n’ubgenge bgacu kugira ngo duhindure igihugu cacu.

 

2 COMMENTS

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here