BIJOMBO, CONGO – Mw’ijoro rya nagatanu buca ari niposho ku misni 27/01/2018 umuntu umwe niwe wapfuye abandi batanu barakomereka cane barashwe na bantu bitwajye intwaro ahitwa mu Kibindibindi, mukarere ka Bijombo. Kugeza ubu abakoze ayo mahano ntibarashobora kumenyekana.
Hari igihe cy’isaha zibiri z’ijoro ubwo Reverend Kishamata Mapaya, usanzwe ayoboye ikanisa rya 3ème CBCA niwe wahitanwe n’abo bagizi ba nabi ubwo yarashwe amasasu atari make.
Twaganiriye n’umwe mu baturage k’umurongo wa téléphone, utashatse ko tuvuga izina rye aduha ko byukuri uwapfuye yitwa Kishamata mapaya, Rév pasteur w’itorero rya 3ème Cbca ryo mu Bijombo.