UVIRA, CONGO – Ku minsi 30/12/2017 abantu babiri nibo baciriwe igifungo c’imyaka icumi bazira gushaka kubuza umutekano mu gihugu.
M’urubanza rwabereye Uvira, Aimé Kwizera, ukomoka mu gihugu c’u Burundi na mugenzi we Yves Tuungane, ukomoka muri Congo, nibo baciriwe uru rubanza bazira gushaka gushinga imitwe y’inyeshamba, M.S.D (Le Mouvement de Solidarité pour la Démocratie) kugira ngo batangire babuze umutekano abanya gihugu.
Aba bombi baciriwe uru rubanza, biravugwa yuko bafashwe mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka wa 2017, k’umupaka w’u Burundi na Congo (Kamanyola) niho ingabo za FARDC zabafatiye.
Tubibuse ko hariho n’abagenzi babo bafatanwe kera bo bamaze koherezwa i Kinshasa, umurwa mukuru wa Congo. Abo boherejwe i Kinshasa nibo baregwa guhamagarira abasore bo mumuhana wa Uvira kwinjira ishamba kugira ngo babuze umutekano igihugu.