UVIRA, SUD-KIVU:- Nagatanu ku minsi 26/06/2020, impunzi z’Abarundi ziri mw’ivile ya Uvira, mu nkambi y’agateganyo ya Kavimvira, za zindutse mu myigaragambyo. Izi mpunzi zikaba zamagana ubwibyi bw’ibyokurya bwaraye bubaye mur’iyo nkambi; iki gikorwa kigayitse biravugwa yuko abagikoze bataramenyekana kandi bikaba byabaye mw’ijoro rya Nakane buca ari Nagatanu ahagana ku gihe cy’isaha zibiri z’ijoro.
Imipfuko 15 y’ifu y’ibigori niyo yari yibwe ariko ikaba yaraje gufatwa n’izi mpunzi mur’iryo joro. Iyi mipfuko ikaba yafatiwe hafi n’inyanja ya Tanganyika, hafi naho iyi nkambi y’impunzi yagateganyo ibarizwa. Izi mpunzi zivuga yuko iyi mipfuko y’ifu yibwe mu ma dépôt y’imishinga ikorana na CNR, mu kugaburira impunzi, muri iyi nkambi y’agateganyo ibarizwa muri komine ya Kavimvira.
Zimwe muri izi mpunzi zaganiriye na Imurenge.com, zavuze ko zibabajwe no kubona ibyo kurya biri kwibwa, mugihe ngo bahabwa inticha ntikize, bakanavuga yuko barembejwe n’inzara. Bo n’imiryango yabo, barasaba kuvanwa muri iyi nkambi y’agateganyo, ngo bakajanwa ahari izindi mpunzi mu nkambi zabugenewe.
Tubibutse yuko izi mpunzi zikomoka mu gihugu c’Uburindi, zivuga yuko zitumva impamvu zimara iminsi myinshi muri iyi nkambi y’agateganyo kandi ko bitakabaye ngombwa ko bahamara iyi minsi. Bamwe mur’ibo barahamya yuko bamaze imyaka igera kuri ibiri bari mur’iyi nkambi y’agateganyo. Baravugako babaye m’ubuzima bugoye, barasaba imiryango mpuzamahanga ndetse na leta ya Congo yemeye kubaha ubuhungiro kwita ku buzima bwabo.
Ntibyatworoheye kuvugisha abayobozi ba komisiyo y’igihugu ishinzwe kwakira impunzi, kuko batubwiye ko badafite byinshi byo kuvuga kuri ibi bikorwa ariko, abakozi ba CNR twavuganye batashatse ko amazina yabo avugwa, babwiye Imurenge.com ko iyo mipfuko yifu yari yibwe ngwitavuye muri dépôt zabo. Twibutseko, inkambi zimpunzi zabarundi zabugenewe ziri muri territoire ya Fizi, mu ntara ya Kivu yamajepho. Naho iyi yagateganyo ikaba iri mw’ivile yaa Uvira, muri kivu y’amajepfo.