UVIRA, SUD-KIVU:- Ku munsi 01/05/2020, ishirahamwe mpuzamahanga ANU-RDC, risanzwe rikorera imirimo yaryo mu duce dutandukanye twa Republika Iharanira Demokrasi ya Congo (Association des Nations Unies en RDC), ryashinze irindi shamyi risha mu muji wa Uvira, ni munzira yo kurwanya igiturire.
Biravugwa yuko iri shirahamwe ryashizwe muyindi miji itandukanye yo muntara ya Kivu y’aja’epfo kugira ngo igiturire cari gisanzwe kirangwa hagati mu gihugu gikurwe ho. Iri shirahamwe rikaba ryafunguye inzura yabo bazakorera mo mu muji wa Uvira, uyu munsi mugace ka Kavimvira.
Nkuko tubikesha umuyobozi w’ibi biro mukarere ka Fizi na Uvira, Lusambya Wanumbe yavuze yuko iri shirahamwe rizakorana n’ishirahamwe rivugira abaturage (Sociétés Civiles) kugira ngo bashobore kurwanya igiturire kuvugwa mukarere ndetse no mugihugu hagati.
Nkuko Lusambya Wanumbe yakomeje kuvuga imbere y’abanditsi n’abanyamakuru, umuyobozi w’iri shirahamwe mu muji wa Uvira, yabwiye urubuga http://www.imurenge.com yuko ibi byakozwe kugira ngo bashobore guhasha igiturire kimaze iminsi kirangwa mugihugu.
Tubibutse yuko iri shirahamwe ryatangije ibikorwa byaryo umwaka ushize w’2019, hari mukwezi kwa cumi na kabiri, rikaba ryaratangiriye mu muji wa Bukavu.