Uwahoze ari umukozi wa CIA aregwa kumena amwe mu mabanga y’akazi…

0
155

WASHINGTON, DC – Ku minsi 17/01/2018 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika haravugwa uwahoze ari umukozi wa Central Intelligence Agency”(CIA), ikigo gishinzwe gukora iperereza muri Amerika araregwa kuba abitse amwe mu mabanga y’igihugu mu buryo butemewe n’amategeko.

Jerry Chun Shing Lee, wahoze ari umukozi wa CIA, biravugwa ko atari kavukire wa Amerika, ariko afite ubwenegihugu. Biranavugwa ko yafatiwe ku kibuga c’indege i New York nakazirimwe ubwo yari avuye muri Japan aho yari amaze iminsi.

Jerry Chun Shing Lee, yabaye umukozi wa CIA kuva mu mwaka wa 1994 kugeza 2007, nibwo yahise yimukira m’Ubuyapani nyuma yo kurangiza akazi.

zimwe mu mpamvu zatumye afatwa kandi bifitanye isano n’itohoza rya Federal Bureau of Investigation (FBI), nuko akekwa kuba afasha igihugu c’Ubushinwa mu gutanga amabanga.

Jerry Chun Shing Lee ni umuntu ki?

Jerry, uzwi kw’izina rya Zhen Cheng Li, yakoze mu gisirikare ca Amerika imyaka ine (1982-1986). Yatangiye gukora CIA muri 1994 mu gutanga amakuru mw’ibanga (undercover).

Tubibutse ko uwakoranye na FBI, CIA abanze kurahizwa ko atazigera amena amabanga y’akazi haba akiri muzima cangwe agikorera leta.

Araregwa kuba akibitse amwe mu mabanga ya kera ya CIA bidaciye mu mategeko, ibi bikaba bishobora kumufungisha hafi imyaka icumi mu gihe icaha kimufashe.

Biranavugwa ko Jerry yoba akorana n’igihugu c’Ubushinwa ndetse. akaba anatanga amwe mu mabanga yahoze azi kuva kera.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here