MINEMBWE, SUD KIVU – Weather Station cangwa se ico bita météo (mu isomo rya physique), ni igikoresho gifite ububasha bgo kugenzura ikirere (Umuyaga) uko kimeze. Iki gikoresho cahawe abaturage b’akarere ka Minembwe mu buryo bwo kugenzura ikirere.
Bubaye ubwambere akarere ka Minembwe gahawe igikoresho c’ubu bwoko, gipima ikirere mu buryo bgo kumenya uko umuyaga ungana mukirere, aho werekeza cangwe imparaga umuyaga ufite. Iki gikoresho kikaba gifite kandi imbaraga zo kumenya invura mbere yuko igiye kugwa umunsi wose, ubushuhe ndetse n’ubukonje.
Mu minsi ishize nibwo haje umugabo kuva muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, uzwi kw’izina rya Mayozi, akaba abarizwa kuri kaminuza ya Université Eben-Ezer de Minembwe (UEMI), iyobowe na Dr. Lazare Sebitereko Rukundwa. Uyu mugabo Mayo, akaba yari yazanwe n’indege y’umuryango utabara imbabare, aza gusanga ikirere kitameze neza kuko hari haguye imvura ninshi bituma indege itinda kwitura, ariko biciye muri iki gikoresho ca Weather Station uyu mugabo yabashije kuyobora iyi ndege kugeza yituye hasi amahoro.
Uyu mugabo, Mayozi ni umwe mu bantu bakunze gusura iyi kaminuza ya UEMI ndetse bakunze gufasha bamwe mu bana b’impfubyi bigira ku masomo yibanze (COEDAP) y’iyi kaminuza ya UEMI.
Mulenge Press Channel yaganiriye na Hakiza Rugomba Erick, ukuriye ibikorwa by’iterambere rya kaminuza ya UEMI, mu Minembwe atubwira ko biciye muri iki gikoresho Weather Station, umuntu wese afite ububasha bwo kumenya uburyo mu Minembwe hiriwe cangwa se haramutse, nimba invura ifite kugwa cyangwa nimba idafite kugwa, aha ni mugihe basuzumye ibyo iki gikoresho, Weather Station gisuzuma ikirere uko cifashe.
Si iki gikoresho conyine bafite, dore ko hazanwe n’ikindi gikoresho n’icitwa GPS System, igikoresho gifasha kuyobora abagenzi mu nzira. Iki gikoresho ca GPS System co kikaba cane cane kigiye kuzaza kiyobora indege zigana ikibuga c’indege ca Kiziba. Iyi GPS System ifite ububasha bwo kwereka abatwara indege uburebure n’ubunini bw’ikiwanja c’indege ca Kiziba. Hakoreshejwe akadege gato (Drone) mu gupima ikirere ndetse n’aho bagiye guhinga, gusana iki kibuga ca Kiziba.
HAKIZA Erick akaba avuga yuko ibi ari bimwe mu byerekana ibikorwa by’amajambere ya karere ka Minembwe.
Akenshi indege zitwara abagenzi mu Minembwe zari zikunze gusubika (guhagarika) ingendo zazo cane cane mu gihe babwiwe ko ikirere kitameze neza ariko kubwa Weather Station, izabafasha kumenye bitagoranye ibihe uko bimeze.
Tubibutse yuko ibi bikoresho by’iterambere byarazanwe na kamunuza ya UEMI, ibarizwa ku Kiziba, mu Minembwe.