Amaraso yongeye kandi kumeneka muri Somalia…

0
164
Nyuma yo kubura abavandimwe

SOMALIA – Muri kino gitondo ku minsi 17/10/2017 mugihugu ca Somalia haravugwa yuko abihebyi bo m’umuhari wa Al-Qaeda bongeye kumena amaraso. Muri kino gitero cagabwe na Al-Qaeda, biravugwa kandi yuko abantu basaga 281 aribo bahasize ubuzima.

Ministre wa Somalia yagize icyo avuga kubijanye n’ubu bwicanyi. Yagize ati:

Ibyukuri tubabajwe n’amaraso y’inzira karengane yongeye kumeneka muri kino gihugu. Abashinzwe inzego z’umutekano tugiye guhasha Abakoze aya mahano. Ibyukuri iki gitero kirasa ni icyari kigamije kumena amaraso menshi cane ariko tugiye guhiga bukware abakoze aya mahano kandi bazabihanirwa.  Abwira abanyamakuru ba BBC, Ministre Abdirahman Osman – 

Muri kino gitero kandi biravugwa yuko bandi bantu basaga 300 aribo bakomeretse. Iki gitero kibaye kimwe mu bitero bikomeye byagiye biba mugihugu byahitanya abantu benshi mumyaka 10 ishize.

Kugeza ubu indege zibiri nizo zabashije gutabara, aho zajanye imiti y’ubuvuzi. Aha twavuga indege imwe yavuye muri Amerika ndetse n’indi yavuye i Qatar; ubu nizo zimaze kwitura aho mugihugu cya Somalia. Turkey na Djibouti nabyo ntibakereje mugutabara. muri kino gitondo ibi bihugu byombi byohereje abaforoma (Abaganga) kuja kuvura abakomeretse.

 

 

Maryam Abdullahi
Maryam Abdullahi

Maryam Abdullahi ni umwe mubaganga babashije gutabara igihugu cya Somalia kandi ari muri bamwe babashije gutanga amaraso ku abari bakomeretse cane aho bari bakeneye amaraso.

Kenya nayo iri mu ibihugu byabashije kuja gutanga amaraso mu uburyo bwo gutabara izi nkomeri.

Abanya Somalia aho batanga ga amaraso yo gufasha ababo.

 

map
Reba aho ibitero byabereye.

Imurenge.com dukomeje kwihanganisha igihugu cya Somalia ndetse n’abagituye. Imana ihe iruhuko ryiza inzirakarengane za Somalia.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here