
BUKAVU, CONGO – Ku minsi 5/11/2017 Biravugwa yuko amasasu menshi yazindutse avuga mumuji wa Bukavu.
Nubwo bitaramenyekana neza, Hari inkuru ivuga yuko amasasu menshi yazindutse yumvikana i Bukavu. Impamvu nyamukuru yateje umutekano muke, biravugwa yuko ari abayoboke ba Abas Kayonga Dada, wari ushinzwe ibiro birwanya forode (Le bureau des anti-fraud) nyuma akaza guhagarikwa na guverineri.
Biravugwa kandi yuko aba bayoboke be aribo bazindutse barasa basaba leta ya Congo gusubiza uyu umuyobozi wabo k’umwanya we yarasanganwe.
Tubibutse ko Abas Kayonga Dada aherutse guhagarikwa na guverineri kuyobora ibi biro birwanya forode akaza gukurwa kuri uyu mwanya.
Umve urusaku rw’amasasu rwazindutse rwumvikana.