Bamwe mu bisonga bya YAKOTUMBA bari mu maboko ya FARDC…

0
190

FIZI, SUD-KIVU:Commanda Mbilizi Muzaliwa ushinzwe gukangurira abasore kuja mu mutwe wa mai mai Yakotumba, hamwe na commanda Ndume Abeli ushinzwe ibikorwa byagisirikare (chargé des opérations) bafashwe mwijoro ryakeye ry’aniposho ku minsi 27/7/2019 i Sebele mu majaruguru ashira uburaruko bw’umuji wa Baraka muri teritware ya Fizi.

Comm.Muzaliwa

Aba bagabo babiri bahafi cane n’umuyobozi winyeshamba za mai mai William Amuri Yakotumba bafashwe barikumwe n’abasoda bashinzwe kubarinda bagera kuri 3, amakuru dukesha umuvugizi w’ingabo muri kivu ya majepfo capt Dieudonné Kasereka avugako bafashwe ubwo baribasohotse i kibira citwa Balala kiri mu  majaruguru ya Baraka .

Dieudonné Kasereka yavuzeko izi nkoramutima za YAKOTUMBA zinjiye mu baturage rwihishwa ubwo baribaje kuramutsa bamwe mu bavandimwe n’imiryango yabo . Kugeza ubu izi nyeshamba zikaba zirinze umwanzuro w’igisirikare ca FARDC kugirango bamenye urwo bakwiriye.

Comm. Ndume

 

 

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here