Hubert Oulaye, wahoze ari ministre muri Cote d’Ivoire yaciriwe igifungo cy’imyaka 20…

0
191

ABIDJA, COTE d’IVOIRE –  Ku minsi 27/12/2017 mugihugu ca Cote d’Ivoire haravugwa amakuru ya Hubert Oulaye, wahoze ari ministre muri iki gihugu kubutegetsi bwa Perezida Laurent Gbagbo waciriwe igifungo c’imyaka 20.

Impamvu zatumye ministre Hubert Oulaye acirirwa iki gihano nuko aregwa kugira uruhare k’urupfu rwabantu umunani bapfuye mumwaka wa 2012. Muri aba bapfuye biravugwa ko harimo abasirikare barindwi bashinzwe kurinda umutekano ndetse n’umusivile umwe.

Hubert Oulaye, imbere y’abaca manza…

Ministre Oulaye we yavuze ko iki ari igihano yahawe na leta, ariko ko ntagihamya catanzwe muri iki kirego.

Hubert Oulaye, nyuma y’urubanza…

Umucamanza mukuru w’igihugu ca Cote d’ivoire, Mireille Kouassi, we yavuze ko Hubert Oulaye ariwe watanze amafaranga muburyo bwo gushinga umutwe w’inyeshyamba muri iki gihugu.

 

Iki gitero cabaye muri 2012, cagabwe mu gihe uwahoze uwari Perezida w’iki gihugu, Laurent Gbagbo yanze kwemera ko yatsinzwe na Perezida Alassane Ouattara.

Tubibutse ko aya matora yabaye ku minsi 4/12/2010 ariko iki gitero kiza kuba imyaka ibiri ishize, ari nayo mpamvu uyu wahoze ari ministre aregwa gutegura iki gitero cagabwe n’uwari ayoboye izi nyeshamba, Maurice Djire.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here