Ibihugu, Congo na Uganda byahagurukiye kurwanya inyeshamba za ADF…

0
182

GOMA, CONGO – Ku minsi 20/12/2017 abayobozi b’igihugu ca Republika Iharanira Demokrasi ya Congo n’ab’igihugu ca Uganda bahuriye mumuji wa Goma kugira ngo bige kukibazo co kurwanya inyeshamba za ADF(Allied Democratic Forces). Izi nyeshamba za ADF ziregwa kuca abasirikare ba MONUSCO 15 bakomoka muri Tanzania, uyu mwaka wa 2017.

Tubibutse ko mugitero cahitanye abasirikare 15 ba MONUSCO, izi nyeshamba za ADFzagabye zishe mo abasirikare ba leta ya Congo batanu (5) ndetse hakomereka n’abasirikare ba MONUSCO 53.

Abayobozi ba ADF ndetse n’abarwanyi babo bose bakomoka mugihugu ca Uganda. Usibye kwangiriza no kwica abantu bunyamanswa, aba izi nyeshamba zigomba guhigwa bukware ndetse abafashwe bagashikirizwa ubutabera. – General Marcel Mbangu Mashita, umwe mungabo za FARDC – 

Igihugu ca Congo n’ica Uganda byahoze ari abanzi mumyaka ishize. Umubano w’ibi bihugu ugarutse nyuma yaho abayobozi bibi bihugu bashize hamwe kugira ngo bashobore kurwanya ndetse no gufata inyeshambaza ADF.

ADF ni agatsiko k’abasore ndetse bakaba n’abayoboke b’idini rya  Islam bagize igihe kitari gito batoteza ndetse bakica n’abaturage bo muri ibi biguhu byombi. Umutwe wa ADF umaze imyaka ibiri  ushizwe ho n’izi nyeshamba.

Mu mwaka wa 2015, umwe mubayobozi ba ADF, Jamil Mukulu yafashwe n’ubutegetsi bwa Congo ndetse aranafungwa.

General Mashita, umwe mu bayobozi b’ingabo za leta ya Congo yabwiye abanditsi n’abanyamakuru ko imirwano y’ubushize, ingabo za FARDC zashoboye gukura ho hafi y’ingabo za ADF mu birindiro byabo. Benshi muri izi nyeshamba barapfuye, abandi barakomereka ndetse n’abandi barahunze.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here