
GOMA, CONGO – Inkuru dukesha La libre Belgique yo kuri kano kane ku minsi 19/10/2017,iravugako ikirunga ca Nyiragongo coba kiri hafi kongera kuruka.
Umunyamakuru Hubert Declercq wandtse iyi nkuru avugako imiryango mpuzamahanga ikorera mu muhana wa Goma iryamiye amajanja ,ndetse nabaturage batuye kuri Goma bakaba bafte ubwobako iki kirunga gishobora gutomboka umwanya uwariwo wose.
Imirimo ya ONU yose ikorerwa kuri Goma kugeza ubu ikaba yahagaze ahubwo hakaba harikwigwa uburyo bwo kukurayo abantu (Plan d’évacuation).
Nubwo iki kinyamakuru catangaje ibi ntabwo ikigo gishinzwe kugenzura ibirunga ca Goma caricagira ico gitangaza ,hakaba hategerejweko harico gitangaza.
Hashize amayinga abiri abakora ndetse nabakunze kunyura kuri iki kirunga babona imihindagurikire y’ibirunga.
Umuryango wa bibumbye wagerageje kugenzura ibi birunga ukoresheje indege ariko ntabwo byabakundiye kubera imvura nyinshi iri kugwa muri aka gace muri iyi minsi .
Tubibutseko ibi birunga byaherukaga kuruka mu kwezi kwa gatanu muri 2002.