MAROC – Icumi na batanu (15) muri aba baguye mu nyanja biravugwa ko bakomoka mu bihugu bitandukanye bya Afrika, umwe akaba akomoka muri Maroc nkuko byatangajwe na radiyo y’Abafaransa.
Biravugwa ko igihugu ca Espanye arico gihugu ca kabiri aba bimukira binjirira mo bagana k’umugabane w’Uburayi nyuma y’Ubutaliyani. Muri uyu mwaka w’i 2018 biravugwa ko abashika 1,279 aribo binjiye baciye muri Espanye mugihe bivugwa ko abashika 4,256 aribo binjiye baciye m’Ubutariyani.
Ishirahamwe ryakira impunzi, International Organization for Migration ( IOM) ryo rikaba rivuga ko abantu bashika 243 aribo baburiwe irengero ariko bikekwa ko bazimiriye mu nyanje aho basanzwe banyura berekeza k’umugabane w’Uburayi.