Inka zigera ku 130 zibwe kuri Ondese no kuri Luningu…

0
126

UVIRA, SUD-KIVU – Ku minsi 13/10/2018 haravugwa amakuru yuko hafi inka zigera 139 zibwe. Muri izi nka zibwe 114 zibiwe kuri Kiliba Ondese, 25 nazo zibirwa kuri Luningu, muri chefferie ya Bafuliru; aha ni muri plaine ya Rusizi, territoire ya Uvira. Ibi bikaba byatangajwe n’ishirahamwe ry’ibikorwa rusange by’iterambere ry’ubuhinzi no kurwanira uburenganzira bw’inyamaswa.

Zimwe munka zari zanyazwe…

Nkuko tubikesha bamwe mu baturage batuye muri utu duce, biravugwa yuko izi nka zibwe mw’ijoro ry’agatatu, buca ari n’akane 11/10/2018 aha ni ku birometero bitanu (5 KM) n’uruganda rukora isukari rukorera kuri Kiliba.

Amakuru yemezwa na Ruhanika Birangwa Daniel, umukuru w’umuhana wa Kagando, Kiliba avuga ko inka zitanu zagaruwe n’ingabo za FARDC zikorera muri kano gace. Ruhanika aratabaza ingabo za leta kugira ico zikoze kugira ngo izi nka zigarurwe murwuri rwaza. Ubu bwibyi bw’inka bukaba bukomeje kuvugwa mur’aka gace k’amajepfo y’intara y’a Kivu.

Biravugwa yuko izindi nka zari zanyazwe mukwezi kwa cenda gushize. izo nka zigera kuri 20 nizo zagaruriwe banyirazo ku minsi 10/09/2018. Nkuko tubikesha banyirazo, izo nka zagaruwe n’ingabo za FARDC ziyobowe na komanda w’akarere ka opération sokola 2, Général David Rugayi. Hari muri groupema ya Kigoma, chefferie Bafuliru muri territoire ya Uvira.

Biravugwa kandi yuko izi nka zarizibwe n’abantu b’itwaje intwaro batabashije kumenyekana. Hari ku minsi 05/09/2018, kubera yuko abaturage bamenyesheje inzego z’umutekano mbere y’igihe. Ingabo za FARDC zakurikiranye izi nka mbere y’igihe kubw’amahirwe haciye umunsi umwe gusa izi nka zigarurirwa ba nyirazo nkuko tubikesha ishirahamwe rya ASPADA-RDC rirwanira uburenganzira bw’inyamaswa muri Congo.

Ubu bubaye ubugira kabiri abaturage bagarurirwa inka zabo n’ingabo za FARDC mugihe c’ukwezi kumwe; nyuma y’izindi 48 zari zibwe ariko zikaza kugarurwa zinahabwa nyirazo. Izi nka zari zibiwe ahitwa Nyamutiri, muri grupema ya Kakamba.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here