Ni ikinyoma, nta myigaragambyo yabaye mumuji wa Kananga…

0
148

KANANGA, CONGO – Bimwe mubikoresho bikomeye bya police byara byajanwe mumuji wa Kananga none ku minsi 19/12/2017. Ibi bikoresho byajanwe yo nyuma yaho abatavuga rumwe na leta ya Congo bari batangaje ko bashobora gukora imyigaragambyo aho basaba perezida Kabila kuva k’ubutegetsi. Kuva mugitondo kugeza aya masaha nta gikorwa co kwigaragambya cabaye mumuji wose, umutekano ni wose.

Mumuji wa Kananga ntarusaku ruharangwa. Imirimo yose irakorwa ntakabuza. Police zari zahagaze mumatandukaniro z’inzira zose kugira ngo zishobore kubuza abigaragambya gukora ibikorwa byangiriza. Cane cane police yahagaze kwikanisa rya Notre Dame no kwisoko rya Salonga.

Abatwara moto ni bake cane mumabarabara ugereranyije n’iminsi isanzwe. Abagenzi nabo baboneka ni bake cane bagaragara hanze.

Abanafunzi bo kuri Janua Coeli Institute bagiye mumasomo nabo ni bake cane kuko benshi batinye ko iyi myigaragambyo ishobora kuba uyu munsi. Hafi igice c’abanafunzi bahigira nibo bagiye kumasomo.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here