Perezida Felix Tshisekedi arashobora gusura akarere ka Minembwe ubu vuba…

0
119

KINSHASA, CONGO – Nagatanu ku minsi 22/11/2019, perezida Antoinne F Tshisekedi yayoboye inama y’aba minisitire ku nshuro ya 11 yateraniye muri Cité de d’Union Africaine i Kinshasa, mu mugwa mukuru wa Republika Iharanira Demokrasi ya Congo.

Muri iyi nama higiwemo ingingo nyinshi ziganjemo ibibazo by’umutekano imbere mu gihugu ndetse no kumbibi zaco.

Perezida wa Repubulika akaba yavuze ku ingamba zafashwe mu gushaka uko umutekano wogatuka mu gihugu hose, akaba yasabye inzego zose zirebwa nico kibazo gushira mu bikorwa ico zasabwe.

Yagarutse ku kibazo ca Beni ndetse na Minembwe avugako utu turere tumuraje ishinge cane.
Perezida Felix akaba yabwiye inama nkuru y‘aba ba ministiri ko ibijanye n’urugendo rwe mu Minembwe ruzatangazwa mu minsi iri mbere.

Nubwo umuntu yavugako leta ya Congo yakereje cane kugira ico gitangaza ku ubwicanyi buri kubera mu karere k’imisozi mire mire; ubu ni ubwicanyi bwibasiye abo mu bwoko bw’Abanyamulenge. Perezida, Tshisekedi azaba abaye umukuru w’igihugu wa mbere mu mateka usuye kano karere ka Minembwe.

Soma ibyavuye mu nama yayobowe na Perezida Felix Tshisekedi

Compte rendu de la 11ème Réunion du Conseil des Ministres du 22 11 2019

Tuzakomeza kubakurikiranira iyi nkuru.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here