
NAIROBI, KENYA – Ejo nakazirimwe ku minsi 30/10/2017 nibwo hatangajwe kumugaragaro ko Perezida Uhuru Kenyata ariwe watambutse ku matora y’umukuru w’igihugu ca Kenya. Muri aya matangazo hemejwe ko Perezida uhuru Kenyata yatambukanye amanota agera ku bice 98.2 kw’ijana (98.2 percent of the votes cast).

Biremezwa yuko abashoboye gutora muri aya matora basaga 73,228. Hakaba hemejwe ko Perezida Uhuru Kenyata yatambukanye amajwi agera kuri7,483,895 muri aya matora. Ahanini bivugwa yuko impamvu Raila Odinga atitoje muri aya matora ngo yabonye yuko nanone atagitambutse kuko ngo mugenzi we Uhuru yari agifite majwi menshi cane kuko Raila Odinga we yari agihagaze ku bice 38.84 kw’ijana (38.84 percent).
Uwari ahagarariye aya matora yemeje ibyavuye mumatora ko bishirwa hanze mu matangazo. Yagize ati:

Nanyuzwe nuko twashoboye kugera kungingo yanyuma yo gutangaza aya matora… Ibyavuye mu matora niko bigomba kumera kuko niwo muti wonyine ugaragara. – Wafula Chebukati –