Sunzu Manassé ukorera ADEPAE, yatanze amahugurwa ku gipolisi co mu Minembwe

0
103

MINEMBWE, SUD-KIVU – Ku munsi wa none n’iposho, ubuyobozi bga ADEPAE bgatanze amahugurwa ku gipolisi co mu Minembwe.

Zimwe mu ntego nyamukuru za ADEPAE, harimo guharanira ubutabera ndetse n’ umutekano w’abahinzi n’aborozi muri teritware ya Kalehe, Fizi, Uvira, na Mwenga.

Mu rwego rwo gukomeza kwegera abaturage, ADAPAE irateganya gukorana n’igipolisi hagafungurwa amabiro mato mato (Sous-Ciats) y’igipolisi ca leta aho inzego z’umutekano zitagera.

Kw’ikubitiro hateganyijwe gufungurwa iposita y’igipolisi mu Gipupu habarizwa ibiro bya leta, Kalambi mu masuhuriro ndetse na Kitumba izwiho ubgimbyi by’amabuye y’agaciro.

Sunzu Manassé, watanze ayo mahugurwa,  Avuga ko impuguto bahaye igipolisi ari uburyo bgo kubigisha gukorana n’abaturage bakagirirwa icizere, kuba igipolisi c’umwuga kizanira abaturage umutekano maze bakagana inzira y’iterambere.

ADEPAE itanganga amahugurwa ku gipolisi co mu Minembwe

Sunzu Manassé asoza arasaba abaturage ko batogirira imitwe yitwaje intwaro icizere ahubgo ko bokorana n’igipolisi maze bakakigirira icizere.

Muyoboke Eric, umukuru w’igipolisi mu Minembwe, ari mu bashitsi bakuru bari bitabiriye uyu muhango, yasabye abitabiriye aya mahugurwa ko mu gihe batazubahiriza izi mpanuro bahawe bazaba basuzuguje umurimo bakora. Yanabibukije kandi ko umupolisi ari mujanama w’umuturage dore ko igihe cose umuturage ahuye n’iki kibazo yiyambaza polisi.

Turabibutsa ko ishirahamwe rya ADEPAE rifite Kontaro y’imyaka itanu, rikaba ryatewe inkunga guhera 2017 na ambasade y’Ubuholandi muri DR Congo ibicishije mu muryango wa CORDEID. Bakaba bazafasha igipolisi kugenda bafungura amaposita y’igipolisi aho atari mu rwego rwo kwegera abaturage.

Tegera ikiganiro, Sunzu Manasse, yagiranye n’umunyamakuru wa Imurenge News Agency.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here