TAIWAN, TAIPEI – Igihugu ca Taiwan caraye cibasiwe n’umushitsi (Nyamugigima) ukomeye wahitanye abantu bane abandi barenga 200 barakomereka; amazu menshi nayo akaba yakundutse.
Biravugwa ko uyu mushitsi wari ufite imbaraga za magnitude zigera kuri 6.4 magnitude. Hari mu masaha atanu y’ijoro (11:50) ubwo uyu mushitsi wateye mumuji wa Hualien, Taiwan gituwe mo n’abantu barenga 100,000.
Biravugwa ko hari n’abandi bantu barenga 140 batarahuruka imusozi, ubwo uyu mushitsi wateraga aba bantu bose bari munzu yitwa Yunman Cuidi, bikaba bivugwa ko babuze uburyo basohoka muri iyi nzu kuko bazitiwe n’ibihome byasibye inzira bari gucamo. Kurubu ntibaramenya irengero ryabo.

Mu mashusho yafashwe n’ikinyamakuru The Star Online, arerekana uburyo iyi nzu yakundutse. Reba video.
Abantu bashika 143 nibo baraboneka, nkuko ikinyamakuru The Star Online kivuga.