MINEMBWE, SUD-KIVU – Ejo n’iposho ku minsi 29/09/2019 abakora akazi ko gutwara amapikipiki barenga kuri 20 bari bitabiriye ibikorwa byo gusana no kubaka amabarabara. Iki gikorwa cabereye ahagana Ilundu bakunze kwita k’uruzi rwa “APDIK“.

Nkuko tubikesha aba bakora aka kazi ko gutwara amapikipiki, bakomeje gukangurira abatura ba Minembwe bose mu gushigikirana kugira ngo bateze akarere kabo imbere.
Tubibutseko n’akane gashize ku minsi 27/09/2018, Mudagiri Muhembuzi, umukuru w’aba bakora aka kazi (Motards) mu Minembwe, yamagariye abatuye akarere ka Minembwe n’abategetsi bakarere guhagurukira ica rimwe bose kugira ngo bafashanye mu gusana amabarabara. Aha ni murwego rwo kwihutisha amajambere muraka karere ndetse no korohereza abagenzi mugihe bifuza kuja ahantu hose bifuza.