Abantu 5 ni bo bamaze kwicwa muri Nicaragua mu myiyerekano yamagana amategeko yashizwe ho na leta…

0
137

MANAGUA, NICARAGUA – Niposho ku minsi 21/04/2018 amakuru dukesha ibinyamakuru, BBChuffingtonpost.com na www.aljazeera.com bivuga ko mu minsi itatu yonyine abantu bashika ku 5 aribo bamaze guhitanwa n’imyiyerekano hagati y’abaturage na Police y’igihugu muri Nicaragua; aba baturage bamagana itegeko risha ryashizweho na leta. Iri tegeko risha rigabanya inyungu (social security cuts) abageze mu za bukuru bari basanzwe bahabwa na leta.

Abaturage biyambaje amatapito mu kurwana na Police y’igihugu…

Abasore bane b’abaturage ndetse n’umu Police umwe nibo bamaze guhitanwa n’iyi myiyerekano nkuko byaraye byemejwe n’abashinzwe kurinda umutekano muri iki gihugu ca Nicaragua.

Iyi mishamirane bivugwa yuko yatangiye nagatatu ku minsi 18/04/2018 nyuma yaho leta yatangaje iri tangazo (social security cuts) kuri Televiziyo nkuru y’igihugu. Byatangiye ari mu mahoro nyuma biza gutera indi ntera ubwo amasasu, amabuye ndetse n’imipanga byaje gukoreshwa mu mpande zombi. Impamvu ngo yoba yaratumye aba baturage kugumuka ngo nuko imisoro yazamuwe ariko inyungu bahabwa na leta zo zikagabanuka.

Nubwo bivugwa ko abantu 5 aribo bamaze kuhasiga ubuzima, bikomejwe kuvugwa kandi ko umubare w’abamaze gukomereka nawo ukomeje kwiyongera kandi ari munini cane. Ubu umubare w’abakomeretse bivugwa ko ari abantu bashika kuri 48 kandi bari kuvurirwa mu bitaro bitandukanye mu muji w’i Managua, umurwa mukuru wa Nicaragua.

Nyuma yaho iri tangazo ryashizwe ku mbuga nkoranya buhanga za internet, icegera c’umukuru w’igihugu, Rosario Murillo avuga ko iyo myiyerekano ikorwa n’abantu badashigikiye amahoro mu gihugu, ariko nyamara ko leta igiye gukemura iki kibazo mu maguru masha.

Iyi niyo myiyerekano yahitanye abantu benshi muri Nicaragua kuva aho Perezida Daniel Ortega ashitse ku butegetsi kuva mu mwaka w’ 2007.

 

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here