Abantu 6 nibo bakomerekejwe n’amasasu mumirwano ya police n’abanyagihugu…

0
179

KINSHASA, CONGO – Ku minsi 19/11/2017 amakuru atugeze ho aravuga yuko abashizwe umutekano muri Congo, Police yarashe abatavuga rumwe na leta ya Kabila, umuhari Envol, ibaziza kwigaragambya basaba perezida Kabila kurekura ubutegetsi.

Umwe mubarashwe, umuyobozi wa Envol, Delly Sesanga yabwiye abanditsi n’abanyamakuru uko byagenze, yagize ati:

Police yadusutse mo amasasu, batandatu muri twe bakomeretse kandi ibi byose byabaye twahawe uruhusha n’ubutegetsi kugira ngo dukore inama – Delly Sesanga, perezida wa Envol –

Delly Sesanga aravuga yuko bahohotewe na police kandi hariho abanyamuryango wa Envol bashika batatu baburiwe irengero. Tubibutse yuko ibi byose byabereye muntara ya Kenge hegereye umurwa mukuru wa Kinshasa.

Nubwo uyu muyobozi wa Envol avuga yuko police yabarashe, Guverineri w’iyi province ya Kwango we abeshuza avuga yuko police itigeze irasa aba bantu. Guverineri Emery Kaputa Vita abeshuza avuga yuko police yarashe hejuru mukirere kugira ngo aba bayoboke ba Envol bashobore guhunga. Guverineri avuga kandi yuko aba bantu bakomeretse bari guhunga amasasu induru z’amasasu ariko ko ntawarashwe na police.

Abanyagihugu bigaragambya muri Congo…

Tubibutse kandi yuko abantu batari bake mugihugu batishimiye iminsi y’amatora yatangajwe n’akanama gashinzwe amatora CENI. Byemejwe yuko amatora azaba ku minsi 23/12/2018.

Perezida Kabila byari byitezwe yuko atanga ubutegetsi mu kwezi kwa 12 k’umwaka ushize wa 2016 nyuma yuko ategetse imyaka ibiri nkuko bivugwa n’itegeko nshinga ry’igihugu yuko umuntu yemerewe kwitoza (kuyobora) kabiri gusa.

Ifoto – Google

Ejo bundi nakane ku minsi 17/11/2017 Ubumwe b’uburayi (Union Européenne), Leta zunze ubumwe za Amerika, Switzerland, na Canada banenze ibibazo by’umutekano bikomeje kugaragara muri Congo.

Abatavuga rumwe na leta kandi bamenyesheje ubutegetsi yuko ku minsi 28/11/2017 bazakora indi myigaragambyo basaba Kabila kuva kubutegetsi.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here