Abantu 61 bishwe muri Ethiopia bazira amacakubiri y’amoko…

0
198

ETHIOPIA, AFRIKA – Ku minsi 17/12/2017 haravugwa urupfu rw’abantu 61 bishwe muri Ethiopia bazira amacakubiri y’amoko muntara ya Oromia.

Agatsiko k’abantu bitwaje imbunda bakomoka muri Somalia bishe abaturage bo muri Ethiopia 29, mu bwoko bwa Oromo. Nyuma yo kwica abantu babo, aba baturage bashatse kwihora nabo bica aba Somalia 32 muri komine yitwa Daro Lebu.

Umuyobozi w’akarere ka Lema Megersa yavuze ko bataramenya neza uwoba yagumuye abo bitwaje imbunda yanavuze kandi ko ibi bikorwa bigayitse cane aho usanga abantu bicwa bazira ubusa.

Biravugwa kandi ko abantu barenga amajana aribo baramaze kgupfa, abandi ibihumbi nibo bamaze guta ingo zabo bahunga ubu bwicanyi ndetse n’ivangura ry’amoko rikomeje kugaragara muri kano karere.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here