BIJOMBO, SUD-KIVU – Ku minsi 03/10/2018 haravugwa amakuru y’abantu bitwaje imbunda bakekwa kuba ari inyeshamba za Mai Mai bashimutse abagabo 2 mw’ijoro ryakeye, ejo n’akabiri buca ari none n’agatatu mu Bijombo.
Amakuru atugeraho aravuga ko inzo nkozi z’ibibi zasanze abo bantu imuhira, mu mago yabo. Biravugwa kandi ko hari kugihe c’isaha cumi z’umugoroba (4PM), kandi abo bantu bajanwe ahantu hataramenyekana.
Abo bashimutswe bakaba barimo umusore witwa Yakobo Musababu na mugenzi we bitwa Tunda Kajange.
Nyuma yo kumenya iyi nkuru, Imurenge News Agency (INA), twagerageje gushakisha umuyobozi gakondo w’aka karere ka Bijombo ngo tumubaze uko byagenze, ariko ntitwashoboye kumutora k’umurongo wa telephone.