Abaturage b’i Lemera barishimira ikiraro ishirahamwe Ugeafi ryabubakiye, Video…

0
80
LEMERA, CONGO – Kur’uyu wa mbere, ku minsi 04/06/2018,  ishirahamwe rya Ugeafi riyobowe na Ir. Butoto Naum ryatashe ikiraro  cya Lubirizi  ryubakiye abaturage batuye muri Gurupema ya Lemera mu karere ka Uvira intara ya Kivu y’amajepfo.
Umuyobozi uhagarariye Ugeafi I Lemera bwana Gashogo Mathias aragaruka ku mpamvu yatumye  bubaka icyo kilalo
Abaturage b’i Lemera bavugako  bishimiye ishirahamwe  rya Ugeafi rya bubakiye iki kilalo  cya  Lubirizi. Mbere yuko  cubakwa  hari igihe  bararaga hakurya y’amazi  ariko kuri none  bari kwambuka na Moto.
Umuhango wo gutaha ikiraro cubatswe na Ugeafi i Lemera
Iki kilalo ishirahamwe rya Ugeafi  ryubatse I Lemera kije ciyongera ku bindi bikorwa rikorera aho iremera aho birimo  ubuhinzi  bw’ikawa aho abaturage bafata Ugeafi k’inyenyeri imurikira bose. Umuyobozi wa Chefferi y’Abafulilo bwana Amosi  Baruhire  asaba iri shirahamwe rya Ugeafi  gukomeza gushira ibikorwa by’amajyambere muri aka karere cane cane ko biborohereza mw’iterambere.
Iki kilalo Ugeafi y’ubatse  i Lemera  kije gikurikira ikindi kilalo  yubakiye abature bo mu Minembwe kiri i Gakenke ndetse  nico yubakiye abaturage  b’Itombwe kiri kuri Lwerera.
Kurikirana mu mashusho uko byari byifasha.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here