LEMERA, CONGO – Kur’uyu wa mbere, ku minsi 04/06/2018, ishirahamwe rya Ugeafi riyobowe na Ir. Butoto Naum ryatashe ikiraro cya Lubirizi ryubakiye abaturage batuye muri Gurupema ya Lemera mu karere ka Uvira intara ya Kivu y’amajepfo.
Umuyobozi uhagarariye Ugeafi I Lemera bwana Gashogo Mathias aragaruka ku mpamvu yatumye bubaka icyo kilalo
Abaturage b’i Lemera bavugako bishimiye ishirahamwe rya Ugeafi rya bubakiye iki kilalo cya Lubirizi. Mbere yuko cubakwa hari igihe bararaga hakurya y’amazi ariko kuri none bari kwambuka na Moto.

Iki kilalo ishirahamwe rya Ugeafi ryubatse I Lemera kije ciyongera ku bindi bikorwa rikorera aho iremera aho birimo ubuhinzi bw’ikawa aho abaturage bafata Ugeafi k’inyenyeri imurikira bose. Umuyobozi wa Chefferi y’Abafulilo bwana Amosi Baruhire asaba iri shirahamwe rya Ugeafi gukomeza gushira ibikorwa by’amajyambere muri aka karere cane cane ko biborohereza mw’iterambere.
Iki kilalo Ugeafi y’ubatse i Lemera kije gikurikira ikindi kilalo yubakiye abature bo mu Minembwe kiri i Gakenke ndetse nico yubakiye abaturage b’Itombwe kiri kuri Lwerera.
Kurikirana mu mashusho uko byari byifasha.