Akarere ka Walikale gakomeje kurangwa mo ubwicanyi bwinshi….

0
116

NORD-KIVU, CONGO – Nakazirimwe ku minsi 27/11/2017 abantu ibihumbi bitatu (3,000) muntara ya Walikale na Masisi bataye ibyabo bahunga inyeshamba zitwaje ibirwanisho (Inyeshamba za Nyamaboko na Osso). Biravugwa yuko aba bahunze bamaze iminsi barara mu bihuru.

Kuva mukwezi kwa gatatu k’uyu mwaka wa 2017 aka gace ka Walikale kagiye karangwa mo n’intambara ninshi cane ndetse biravugwa yuko abagiye bakora ibi bitero ari inyeshamba za FDC ziyobowe na Luanda ndetse na Tumsifu.

Kuva muri uko kwezi kwa gatatu, biravugwa yuko abanafunzi badaherutse kwiga bitewe no kubura umutekano ndetse no kubona yuko badafite ababigisha.

Aba baturage bo mukarere ka NGO barasaba leta ya Congo ko yobageza ho ubuvuzi ndetse no kubarindira umutekano.

Biravugwa yuko kuba ari nta ngabo ninshi za leta zibarizwa muri aka karere, bituma izi inyeshamba zikora ibyo zishakiye umwanya uwo ariwo wose ndetse ugasanga n’abaturage borerwa amabi menshi.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here