Bane mungabo za (MINUSMA), zirinda umutekano muri Mali baguye mugitero c’abagizi ba nabi.

0
29

DOUENTZA, MALI – Ku minsi 26/11/2017 biravugwa yuko bane mungabo za MINUSMA, zirinda umutekano muri Mali ndetse n’umusirikare umwe mungabo za leta bishwe mubitero bitandukanye byabereye mugihugu ca Mali ahegereye Douentza.

Igitero cabaye nagatanu ku minsi 24/11/2017 hakomeretse ingabo za leta 21. Iki gitero cabaye mugihe igabo za MINUSMA zishinzwe kurinda umutekano mugihugu ca Mali zari zagerageje gukiza impande zombi.

Ingabo za MINUSMA

Igitero ca mbere cabaye nagatanu muntara ya Indelimane, ingabo zitatu (3) za MINUSMA nizo zaguye muri iki gitero ndetse n’umwe mungabo za leta ya Mali. Ikindi gitero cabaye ahegereye intara ya Douentza naco caguye mo umwe (1) mungabo za MINUSMA nkuko byatangajwe n’ingabo za MINUSMA.

Ingabo za MINUSMA mumyitozo mugihugu ca Mali…

 

Kuva mu mwaka wa 2013 ONU yari imaze kohereza abasirikare 11,000 hirya no hino ku isi. Nkuko bitangazwa na ONU, muri aba basirikare babo 11,000 abagera ku 146 nibo bamaze kurwa mu bitero by’intambara kuva mumwaka wa 2013.

Tubibutse yuko ukwezi gushize kwa cumi, mugihugu ca Chad naho haguye abandi basirikare batatu (3) bo mungabo za ONU. Aba basirikare bahitanwe n’igisasu ca mine cari catezwe munzira; nyuma y’abo batatu, abandi bane baje gupfa nyuma yaho bari bakomerekejwe n’iyo mine…

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here