Amakipe azakina kimwe ca kabiri c’igikombe Rurwanyintare cup yaraye amenyekanye

0
165

Ku munsi wejo niyinga 17/12/2017, nibwo hamenyekanye amakipe azakina imikino ya kimwe ca kabiri c’irangiza mu marushanwa yakabumbu kamaguru yitiriwe intwari Rurwanyintare .

Nyuma y’umukino ikipe ya Gahwera yaraye itsinzemo New Hebaheba 2-1, naho Gahwela FC ikaba yateye kalongi forfait kubera itageze mu kiwanja.Gakenke FC yabashije kuraza Marango kuri penaliti 4-2 mu gihe Kamu FC yabashje kuraza FC Muzinda 1-0.

Kuri aka kabiri ku minsi 19/12/2017, nibwo hazamenyekana indi kipe izakina kimwe ca kabiri nyuma y’umukino uzahuza Materdei FC na Gisombe  FC.

Iki gikombe citiriwe Rurwanyintare kikaba gifite agaciro kangana n’amafaranga yamadorari ya Amerika (2000$), categuwe n’umuryango wa Rurwanyintare mu rwego rwo kwibuka ubutwari bwe.

 

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here