
KINSHASA, CONGO – Ku minsi 15/11/2017 ishirahamwe Amnesty ryasohoye icegeranyo riviga yuko ishirahamwe Apple rikora za mudasobwa (ComputerS) n’amatelephone ngendanwa nka iPhone, iPad na iPod… ariryo shirahamwe riri ku nimero yambere kw’isoko rya Cobalt muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo.
Congo nico gihugu cambere ku isi gicukura amabuye y’agaciro ya cobalt ndetse n’andi mabuye akora ama bateri (lithium-ion batteries).
Ishirahamwe Amnesty, riravuga yuko umubare munini mu gucukura aya mabuye y’agacirpo usanga ahanini hakoreshwa abana bato ku mbaraga kandi ugasanga aba bana babaye ho m’ubuzima bubabaje cane.

Abacuruza inoro nabo bavuga yuko isoko ryabo riva Mubashinwa (Chine) mw’ishirahamwe ryitwa Dongfang Mining International riyoborwa na Zhejiang Huayou Cobalt Ltd, nkuko byatangajwe n’ishirahamwe Amnesty.
Ishirahamwe rya Microsoft naryo ryashizwe mu amashirahamwe 26 atarabashije kuvuga aho bakura isoko ry’ibyo bakoresha. Ubusanzwe ishirahamwe Microsoft ni ishirahamwe rikomeye kandi rizwi mu gukora ibikoresho bidasanzwe nabyo birimo za mudasobwa ndetse n’amatelephone ngendanwa yo mubwoko bwa Lumia 650, LG, Samsung ndetse n’izindi
Tubibutse yuko isoko ry’ibuye ry’agaciro rya Cobalt uyu mwaka ryazamutse rigera ku bice 85 ku ijana (85 percent) ndetse riza kugaragara mu mabuye y’agaciro akora ama bateri z’amamodoka (car batteries).
Ubu amashirahamwe menshi ku isi aravugwa mu gushaka isoko ku mabuye y’agaciro muri Congo.
___________________
– Gira Ico Uvuze –
[democracy id=”current”]