KINSHASA, CONGO – Kuruyu munsi wagatatu ku minsi 15/11/2017, umuji wa Kinshasa ubyutsemo gutuza, ibinyabiziga bisanzwe biteza akajagari( embouteillages) mu mabarabara ntabihari muriki gitondo.
Igipolisi cakwirakwiye ahantu henshi mu mahuriro y’amabarabara,aharinzwe cane ni kuri kaminuza ya UPN, (Université Pédagogique Nationale) ndetse no kuri gare nkuru ya Kinshasa, ahandi hagose abapolisi ni kwishuri rikuru rya ISTA (l’Institut Supérieur des Techniques Appliquées), aha akaba ariho abanafunzi bashamiraniye n’igipolisi mwiyinga rishize.
Amakuru kandi avugako amashuri amwe akungiye ariko parikingi (parking) zimodoka zikaba zambaye ubusa .
Tubibutseko uyu munsi aribwo imitwe y’abaturage yariyahamagariye abantu bose kwigabiza amabarabara bamagana kalendali y’amatora iheruka gutangazwa na CENI, polisi ya Kinshasa nayo ikaba yariyatangajeko itaza kwihanganira kubona abantu bagera kuri 5 barihamwe .
___________
– Gira Ico Uvuze –
[democracy id=”current”]