
NORD-KIVU, CONGO – Mu mpera za rino yinga, mu muji wa Goma nibwo habaye ikiganiro cagenewe abanyamakuru mu rurimi rw’igiswahili, cayobowe na Julien Paluku guverineri w’intara ya kivu yamajaruguru carikigamije kurebera hamwe uburyo umutekano wfashe muri iyi ntara.
Kwikubitiro,Paluku ntabwo yigeze akanja indimi mu kunenga minisitiri musha w’intebe Bruno Tshibala, amushinja cane kurangarana iyi ntara mu gihe kandi yatumijwe kenshi kugirango aze yirebere uburyo iyi ntara yakomeje kuba imwe mu zirangwamo umutekano mukeya.

Arashinja kandi Tshibala kuba ikibazo c’umutekano atarakigize ikibazo kiri kw’isonga mu gihugu.
Mumbarize uyu mugabo utavuga rumwe nubutegetsi uheruka kuba minisitiri w’intebe, kuva aho abereye umuyobozi kuberiki inyeshamba za ADF,FDL ndetse na MAYI MAYI zikidegembya muri kivu yamajaruguru – Julien Paluku –
Bibaye ubwambere umuyobozi ushigikiye ubutegetsi bwa Kabila anenga imikorere ya Bruno Tshibala, mu minsi ishize nibwo kandi umwe mu badepite bashigikiye ubutegetsi buriho yasohoye inyandiko irega Minisitiri Tshibala ko yakereje kugeza ku nteko ishinga amategeko ingengo y’imari ya leta y’umwaka w’2018.
_________________
– GIRA ICO UVUZE –
[democracy id=”current”]