Guverineri Julien Paluku abaye uwambere kunenga imiyoborere ya Tshibala.

0
197
Julien Paluku Kahongya guverineri wa Nord-kivu

NORD-KIVU, CONGO –  Mu mpera za rino yinga, mu muji wa Goma nibwo habaye ikiganiro cagenewe abanyamakuru mu rurimi rw’igiswahili, cayobowe na Julien Paluku guverineri w’intara ya kivu yamajaruguru carikigamije kurebera hamwe uburyo umutekano wfashe muri iyi ntara.

Kwikubitiro,Paluku ntabwo yigeze akanja indimi mu kunenga minisitiri musha w’intebe Bruno Tshibala, amushinja cane kurangarana iyi ntara mu gihe kandi yatumijwe kenshi kugirango aze yirebere uburyo iyi ntara yakomeje kuba imwe mu zirangwamo umutekano mukeya.

Julien Paluku Kahongya guverineri wa Nord-kivu.

Arashinja kandi Tshibala kuba ikibazo c’umutekano atarakigize ikibazo kiri kw’isonga mu gihugu.

Mumbarize uyu mugabo utavuga rumwe nubutegetsi uheruka kuba minisitiri w’intebe, kuva aho abereye umuyobozi kuberiki inyeshamba za ADF,FDL ndetse na MAYI MAYI zikidegembya muri kivu yamajaruguru – Julien Paluku –

Bibaye ubwambere umuyobozi ushigikiye ubutegetsi bwa Kabila anenga  imikorere ya Bruno Tshibala, mu minsi ishize nibwo kandi umwe mu badepite bashigikiye ubutegetsi buriho yasohoye inyandiko irega Minisitiri Tshibala ko yakereje kugeza ku nteko ishinga amategeko  ingengo y’imari ya leta y’umwaka w’2018.

_________________

– GIRA ICO UVUZE –

[democracy id=”current”]

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here