Ubumwe mpuzamahanga bwa UN bwasabye leta ya Congo guha uburenganzira abatavuga rumwe na Leta…

0
132
Perezida Joseph Kabila.

KINSHASA, CONGO – Ku minsi 14/11/2017 UN (The United Nations) yasabye leta ya Congo kureka abatavuga rumwe na leta ya Kabila kwidegembya.

Mw’ijambo ryatanzwe na MONUSCO, akanama gashinzwe kurinda umutekano muri Congo, basabye leta ya Perezida Joseph Kabila kubaha uburenganzira bwa kiremwa muntu nkuko itegeko nshinga rya Congo ribivuga munyandiko zashizwe ho n’ubuyobozi bw’iki gihugu.

Perezida Joseph Kabila.

MONUSCO kandi yasabye iyi leta kutitanga buri wese udashigikara leta ya Kabila kuko ngo bikomeje kuzana umutekano muke iyo buri munsi abaturage bicwa bazira kwamagana ubutegetsi buriho. MONUSCO kandi yongeye gusaba ubu butegetsi kudakoresha igitugu mu guhangana n’abanyagihugu.

Tubibutse yuko amatora yari ateganyijwe kuba mumwaka ushize wa 2016 nyuma ubuyobozi bwa Perezida Kabila bukaza gupfubya amatora yari yatangiye gukorerwa mumuji wa Kasai. Kuva mukwezi kw’icenda umwaka ushize (September 2016) biravugwa yuko abantu babatari bake mugihugu bakorewe bunyamanswa na police y’igihugu ndetse benshi bakanahasiga ubuzima.

Iyinga rishize nibwo akanama gashinzwe amatora CENI (Commission Electoral National Independent) katangaje umunsi w’amatora y’umukuru w’igihugu: Ku minsi 23/12/2018.

Umuhari LUCHA, urwanira impinduka z’igihugu wavuze yuko ibi byose byakozwe na CENI kugira ngo bajijishe abaturage ariko bitanyuze mukuri. Umuhari LUCHA ukaba usaba Perezida Kabila kuva kungoma hatarinze gukorwa amatora.

Tubibutse yuko Perezida Kabila yagiye k’ubutegetsi mu mwaka wa 2001, nyuma yuko ise wahoze ari Perezida, Laurent Desire Kabila nyuma akaza kwichwa n’umwe mubamurindira ga umutekano. Nyuma yaje gutambuka amatora ya kabiri mu mwaka wa 2006, aza no gutambuka amatora ya gatatu mu mwaka wa 2011.

Nkuko itegeko nshiga (Constitution National) rya leta ya Congo ribivuga, Kabila ntiyemerewe kwitoza mumatora ya kane. Ubusanzwe hemerewe kwitoza inshuro zibiri gusa.

_________________

– GIRA ICO UVUZE –

[democracy id=”current”]

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here