
BUKAVU, CONGO – Mu gihe harihamaze kuba icizereko kaminuza ya ISP (l’Institut supérieur pédagogique) igiye gukomeza imirimo yayo nk’uko bisanzwe nyuma y’imyigaragambyo yabanafunzi yarimaze iminsi,ubu hiyongereyeho ikibazo gikomeye cabarimu bavuzeko badashobora gukomeza amasomo yabo nk’uko bisanzwe.
Ku munsi wejo ku minsi 13/11/2017, umuyobozi wiri shuri rikuru profeseri Kaningini, mu nama yagiranye n’abanafunzi ba ISP mu cumba c’inama ca Jean Vandenhaute,yavuzeko ikindi kibazo gikomeye kuri iri shuri aruko abarimu bamaze kumushikiriza ibarwa ivugako batiteguye gukomeza kwigisha.
Nk’uko yabivuze, prof Kaningini ngo asanga inzira zibiri arizo zishoboka kugirango barengere ISP, yavuzeko iyambere ari ugufunga ishuri burundu cyangwase bagasaba abarimu imbabazi.
Muri iyi nama nta mwanafunzi numwe wabashije kugira ico avuga ku majambo yumuyobozi yaramaze kuvuga , bikaba biterwa nuko bakirinze ibyo guverineri Nyamugabo yabasezeranyije .
Tubibutseko abanafunzi ba ISP batangiye imyigaragambyo ku munsi wa kane, ubwo bigaragambyaga kubera umwe muribo wahagaritswe umwaka ushize azira gukurikirana ikibazo c’izamuka ry’amafaranga yishuri.