Haravugwa umubonano hagati ya Perezida Tshisekedi na Joseph Kabila

0
160

DRC, Kinshasa : Haravurwa umubonano mu minsi mike irimbere hagati ya perezida FELIX TSHISEKEDI na JOSEPH KABILA hejuru yogushinga guverinoma nsha.

Hashize iminsi irenga mirongo inani kuvaho perezida musha wa Congo Felix Antoine TSHISEKEDI ashikiriye ubutegetsi ariko kugezubu gushinga guverinoma azakorana nayo bikaba bikomeje guterikibazo hagati yihuriro FCC riyoboka Joseph KABILA hamwe n’ihuriro CACH rya perezida Felix Tshisekedi .

Nkuko bivugwa n’ikinyamakuru, Media Congo Presse, umubonano hagati yaba bagabo uzaba ushingiye k’ukwutumvikana kuri hagati yizi mpande zombi n’ingene bosangira ubuyobozi mu nzego zitandukanye z’igihugu.

Ukutumvikana kuri hagati ya FCC na CACH gushingiye hanini k’ubuyobozi bga minisiteri zitandukanye cane cane Minisitiri w’intebe. Bikaba bivugwa ko FCC yariyatanze, YUMA ALBERT, wahoze ayobora GECAMINE, gusa iki cifuzo nticashigikiwe n’ uruhande rwa perezida TSHISEKEDI.

Ishaka riri k’ubutegetsi rirasaba FCC kuba yashikiriza perezida amazina y’abantu batatu akihitiramo umwe, ibyo bikaba byarahishuwe n’ikinyamakuru 7sur7.CD.

Ibiganiro bimaze iminsi bihuza izi mpande zombi birasa n’ibitaratanze umusaruro. FCC ivuga ko ikwiriye kwegukana imyamya 80% ya za minisiteri zitandukanye naho CACH igasigarana 20%.

Ibi bikaba bishimangirwa n’ishaka rya FCC,  yisunze itegeko Shinga ry’igihugu riteganya uburyo bwo gusangira ubutegetsi bivuye mu matora y’igihugu. Ibintu bifatwa nko kudaha imbaraga na busa ishaka riri k’ubutegetsi kugirango rigaragaze impinduka.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here