Igihugu ca Swedi kirasaba abayobozi ba leta ya Congo ubufasha mu iperereza…

0
154

STOCKHOLM, SWEDI – Ku minsi 15/11/2017 umucamanza mukuru w’igihugu ca Swedi yabwiye abanditsi n’abanyamakuru ko igihugu ca Congo gifashijwe n’akanama gashinzwe kurinda umutekano muri Congo, UN bari gukora iperereza ku iyicwa ry’umuntu wabo waguye muntara ya Kasai.

Uyu mucambanza, Sara Nilsson aremeza yuko uyu muntu wabo ntakibazo nakimwe yari afitanye n’Abakongomani., ahubwo yazize akarengane.

Igihugu ca Swedi catangiye gukora iri perereza nyuma yaho umurambo wa Zaida Catalan hamwe n’undi Munyamerika Michael Sharp, abaturage bo muri Kasai basanze iyi mirambo yombi mumukuku (umwobo aho baguye) ku minsi 27/03/2017.

Sara Nilsson yasabye igihugu ca Congo uburenganzira bwo gukomeza iri perereza, ariko ibyo Congo yemereye iki gihugu ca Swedi kivuga yuko bidahagije na gato kugira ngo iri perereza rirangire.

_________

– Gira Ico Uvuze –

[democracy id=”current”]

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here