Ikibuga c’umupira w’amaguru cyitiriwe Materdei kigiye kwimurwa hakurya yaho cahoze.

0
140

MINEMBWE, SUD-KIVU – Ikubuga c’umupira w’amaguru Materdei (Paroisse), kiri mu Madegu mu Minembwe kigiye kwimurirwa hepfo y’ikanisa ry’abaturika; uva mu Bakomite werekeye mu isoko y’agatanu aha ni m’ukuboko kw’iburyo.

Nkuko tubikesha umuyobozi w’idini rya gaturika mu Minembwe, yavuze ko iki kibuga cahoraga gikinirwamo akabumbu k’amaguru iruhande rw’ikigo c’ubuvuzi ca Materdei kigiye kwimuka vuba bitarenze iyinga.

Yavuze ko impanvu yo kwimurwa kw’iki kibuga ari ninshi kandi ko cubatswe ahantu hatoya dore ko ari iruhande rw’ivuriro, bityo ngo bikaba bisakuriza abarwayi mugihe hari gukinirwa akabumbu. Yavuze kandi ko bifuza kwimurira iki kiwanja ahantu hisanzuye hategereye imihana.

Yasobanuye ko iki kibuga gishasha ko kiri gutunganywa babifashijwemwo n’inkunga ya Alerte International kandi ngo bateganya kuzubaka hakoreshejwe bimwe mu bikoresho bitari bisanzwe aho ikibuga ca kera cabarizwaga. Yakomeje avuga ko ubushobizi ni bukomeza kuboneka hazubakwa n’inzu z’ubwugamo (tribunes) kugira ngo abaje gukurikirana imikino baje bugama mugihe c’invura.

Tubibutse yuko hariho amwe mu marushanwa ari gutegurwa mu minsi ya vuba. Aya marushanwa ari gutegurwa n’ishirahamwe Alerte International mu buryo bwo gutangiza no gushira kumugaragaro iki kibuga gishasha.Uyu mukino bikaba byemezwa yuko uzabera muri kino kibuga gishasha.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here