MADEGU, MINEMBWE – K’umukino wo kurwanira umwanya wa gatatu w’gikombe citiriwe tora Rukeba Chirack na Bukuru Osee, ikipe ya Materdei niyo yegukanye intsinzi kuri iri yinga ku iminsi 09/12/2018
Imbere ya Gakenke Fc zarwaniraga uyu mwanya, iminota 90 yarangiye ntayo ibashije kuraza iyindi nubgo buri wese yagaragaje ubushake bgo kuraza, ariko zigenda zihusha amahirwe ku mpande zombi.
Mu gice ca gatatu c’umukino ikipe ya Materdei yabonye ikirazo cayo cinjijwe na Karara Élisée kw’idakika yi 115 kw‘ ishoti rikomeye nyuma yo kwinjirira defanse ya Gakenke.
Arbitre ntiyarinzeko umukino urangira,kuko ubgo bishimiraga ikirazo aba fana b’impande zombi binjiye mu kiwanja nyuma y’uko Nzabayo upigira Materdei na Maseba wa Gakenke bashatse kurwana.

Umukino wa nyuma uzahuza abasore b’itombwe b’ikipe ya Ilundu FC n’aba Zamalek Fc y’iFizi uzaba kuri rino posho ku minsi 15/12/2018.
Kugeza ubu ama ekipe yombi ntawe uramenya uzatwara kino gikombe,
Reka dutegereze.