Hari abantu batagize ico bakorera akarere kandi bari bafite uburyo: Musirimu B.Paterne

0
31

AMATORA, CONGO – Umu kandida depite k’urwego rw’igihugu mu karere ka Fizi Musirimu Bihundagara Paterne arasaba abatora kuba maso bakirinda abazana ibikorwa yita ibyo kubakinga kumaso kandi bataragize ico bakora mugihe bari bafite uburyo.

Musirimu avugako gutora no gutorwa n’intambwe ya mbere , gukora ibyo watorewe nabyo bikaba iyindi, bityo akaba asanga abaturage bakwiriye kureba neza kuko mubiyayamaza asangamwo ibice bigera kuri 3 : Abantu akarere kari karatoye baragenda ntibagira ico bakora, abataratowe ariko bahawe umwanya wo gukora ariko ntibagira ico bakora (abari muri leta), abatarigeze batorwa badafite n’umwanya muri leta.

Kur’aba bose Musirimu asanga abaturage bari bakwiriye kureba neza abo batora, kuko ngo niba uvuka mu karere ntugire ico ugakorera kandi wari ufite uburyo, amatora yaba ukazana ibikorwa bisa nogukinga abantu ku maso bisobanurako ari ukugutora wamara ukigendera ntimuzasubire kubonana.

Ku catumye yiyamamaza, Musirimu asangako abagabo b’igihugu (akarere)  badafite owo bamutuma.

Musirimu asanzwe ari umukuru w’ishirahamwe AAGRIEKI avugako ryatangije ubworozi bw’inka za kijyambere ago bafite inka z’ama frrizone kuri gitavi,iri shirahamwe rikaba rinafasha abanafunzi ribaha ibikorosho by’amasomo.

Musirimu n’uwo mu cama ca RA «République en Avant » kiyobowe na Francine Muyumba uhagarariye abasore mu muryango w’Ubumwe bw’Afurika UPJ Union Panafricaine de la Jeunesse.

RA iri mw’ihuriro (regroupement) rya RAA République en Avant et Alliés rishigikiye umukandida wa FCC Emmanuel Ramaza Shadary  k’umwanya w’umukuru w’igihugu.

iri huriro rifite 4 mu karere ka Fizi biyamamaza k’ubu depite k’urwego rw’igihugu

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here