Imfungwa 700 nizo zarekuwe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu

0
26

KINSHASA, CONGO:- Imfungwa 700 nizo zarekuwe kw’itegeko ry’umukuru wigihugu

Mw’itangazo ry’asomwe n’umuyobozi w’ibiro bya perezida VITAL KAMERHE kuri tereviziyo y’igihugu k’umugoroba w’aka Gatatu, ku minsi 13/03/2019, haravurwa irekurwa ry’imfungwa zigera kuti 700 mu gihugu cose.

Irekurwa ry’imfungwa za politike ndetse na bamwe mu mpirimbanyi z’uburenganzira bg’ikiremwa muntu byaribyitezwe nkuko ar’imwe mu migambi perezida uheruka gutorwa FELIX ANTOINE TSHISEKEDI yihaye kugeraho mu minsi mike nyuma yaho ashikiriye ubutegetsi.

Bamwe mu banyepolitike bafunzwe ntibashoboye kurekurwa nkuko byaribyitezwe , Vital KAMERHE, akaba yavuzeko bagomba gutegereza itegeko ryihariye hejuru yirekurwa ryabo.

Uyu muyobozi w’ibiro bya perezida yahise anatangarizaho ihagarikwa rya bamwe mu bategetsi bakomeye mu nzego z’igihugu, aha twovuga nka ministre wa Affaire Foncière, LUMEYA DGU MALEGI, uregwa kudakurikiza amategeko mu mirimo ashinzwe. Undi wahagaritswe n’ukuriye urwego rw’igihugu rw’ama  posita n’itumanaho (APTC),  iwe akaba aregwa gukoresha nabi umutungo wiyi sosiyete yarayoboye.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here