RUMONGE, BURUNDI – Abanyecongo babiri bahunze imirwano ku kirwa ca Ubwari muri Fizi bitabye Imana nakazirimwe mu bitaro bya Rumonge mu gihugu c’Uburundi.
Ishirahamwe rishinzwe guharanira agateka ka muntu muri Congo, ryemeje ayamakuru ku munsi wagatatu nyuma yo gusura ahabereye ibi byago.
Amashirahamwe yagateka ka muntu ndetse nashinzwe kwita ku mpunzi avugako izi mpunzi zabanyecongo ziri mu bihe bibi kuva aho zihungiye zinjira mu gihugu c’Uburundi.
Imirwano mu burasirazuba bwa Congo yahuje ingabo za leta ya Congo n’inyeshamba za Yakutumba, yatumye abanyecongo bagera ku bihumbi birindwi bahungira mu gihugu c’Uburundi.
Ishirahamwe HCR, rivugako abanyecongo bagera kuri 1.200, bahungiye Uganda na Tanzania.