CONGO – N’agatatu ku minsi 12/09/2018 imoteri zitatu zitwara amato, n’inka zigera kuri 20 nizo zashikirijwe banyirazo n’umuyobozi wa sekteri y’ingabo za leta (Sokola 2), mu maj’epfe ya Kivu.
Iki gikorwa cyo gutanga no kugarura ibi bintu kuri ba nyirabyo cakozwe imbere y’umukuru w’ishirahamwe ry’abarobyi, ASCOAT, bo mukiyaga cya Tanganyika hamwe n’abanyiriz’inka zari zanyazwe mu minsi mike ishize.
Izo za moteri zari zanyazwe nizo mubwoko bwa Yamaha. Biravugwa ko zari zaratwawe n’inyeshamba za mai mai iyobowe na General Amuri Yakutumba. Izi nyeshamba biravugwa kandi ko ari zimwe mu ngabo ze zirwanira mumazi y’ikiyaga ca Tanganyika, mukarere ka Fizi. Izi moteri zaje kugarurwa n’ingabo za FARDC mu mirwano yabahujije mur’uku kwezi kwa munani akaba ari nabwo ibi bikoresho hamwe n’izi nka zigera kuri 20 zagaruwe nyuma yaho izindi nka zishika kuri 20 zo zariwe n’izi nyeshamba nkuko tubikesha na banyirazo.
Tubibutse kandi ko izi nka n’izi moteri zagaruwe nyuma y’imirwano y’itana mu mitwe y’inyeshamba za mai mai n’ingabo za leta. Izi nka biravugwa ko zari zibiwe muturere twa Kahanda ndetse n’i Murenge; zikaba zari zibwo n’izi nyeshamba za mai mai, izi nyeshamba zaje kunyaga izi nka zivuye mugace k’imisozi migufi ya Uvira mukwezi k’umunani gushize nkuko tubikesha umukuru w’ingabo za FARDC, Général de brigade Rugayi Sengabo David.