Inyeshamba za mai mai zigera kuri 67 zirubuye mungabo za leta (FARDC).

0
146

FIZI, SUD-KIVU –  Ku minsi 23/10/2018 haravugwa amakuru y’inyeshamba za Mai Mai zigera kuri 67 zirubuye mu ngabo za leta. Biravugwa yuko izi nyeshamba zafashe iki cemezo co kwirubura muri leta n’iposho ku minsi 20/10/2018 ahitwa i Rurimba, muri territoire y’a Fizi (Su-Kivu).

Nkuko tubikesha ubuyobozi bw’ingabo za FARDC bukorera muntara ya Kivu y’amajy’epfo, opération Sokola 2, bivugwa kandi yuko zi nyeshamba zaje zizanye n’imbunda zabo ndetse n’amasasu mugihe zaje kwirubura. Ubu buyobozi burashima iki cemezo cafashwe n’izi nyeshamba ndetse bukavugako hazakurikizwa ho gusubizwa m’ubuzima busanzwe ku babishaka.

Kuva n’agatanu hari hamaze kwirubura abagera 34 mungabo za FARDC ahitwa i Mahembe,umuhana uri kubirometero 30km n’umuhana wa Rurimba; aha ni kw’ibarabara rijja Salamabira. Izi nyeshamba zaje kwirubura nazo zari zifite imbunda 12 zo mubwoko bwa A.K 47 bakunze kwita SMG. Nyuma y’amasaha make, abandi nabo bashika ku 13 biruburiye ahitwa Tchuki, ku birometero 13km n’ibarabara rya Penemende 5; aba nabo baje bitwaje imbunda 8.

Bose hamwe mugihe c’iyinga rimwe ingabo za leta ya Congo ziremezako hamaze kwirubura abagera kuri 67 ndetse n’imbunda 22 zo mubwoko bwa A.K 47 arizo zimaze gushikirizwa ingabo za leta ziri mubirindiro bikuru bya leta (secteur opérationnel). Nyuma yo kwirubura izi nyeshamba zivuga yuko hari izindi ngabo zabo zigifite kwirubuka kandi ziri munzira.

Uku kwirubura kw’izi nyeshamba zahoze ari zuwiyita Général Amuri Yakutumba biva kumpamagazi ya général de brigade Rugayi David wahamagariye izi inyeshamba kuva mugihuru nyuma yo gufata uduce twose zakoreraga mo; utu duce twari twarigaruriwe n’izi nyeshamba ziyobowe na Yakutumba hamwe na Malaika ariko nyuma ingabo za leta zikaza gufata ibyo birindiro zakoreraa mo.

Mu inga ryo hirya, nyuma y’urugendo rw’ukuriye ibiro bikuru by’ingabo za leta ya Congo mur’aka gace k’iburasirazuba,  abagera ku 122 mu nyeshamba za Mai Mai nibo bamaze kwirubura ndetse byemeza uko aba bose baje bitwaje imbunda zigera kuri 60 ahitwa i Kabambare, abandi 2 i Kabeya hafi y’umuhana w’i Rurimba muri territoire y’a Fizi. Aba bose bakaba bacumbikiwe i Rurimba aho bategereje kuzasubizwa mubuzima busanzwe nkuko tubikesha ingabo za leta ya Congo.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here