WASHINGTON, USA – Deparitema ya leta ya Amerika ishinzwe umutekano(DHS), yatangaje kuri aka kazirimweko yakuyeho itegeko ryabuzaga ibihugu bigera kuri11 kwinjira muri USA, ariko hashirwaho ibisabwa kugirango bemererwe.
Abashinzwe umutekano ntabwo bavuze ibi bihugu ibyaribyo ariko amashirahamwe ashinzwe kwakira impunzi avugako harimo, Irak, Misiri, Irani, Libiya, Mali, Koreya ya ruguru, Sudani y’epfo, Somaliya, Siriya na Yemeni.
Abategetsi ba leta zunze ubumwe za Amerika bashinzwe umutekano , batangajeko bagiye gukaza umutekano imbere mu gihugu ndetse no kuzaja bagaragaza ibihugu biteye amakenga, bavugako bagiye gufata ingingo yo gusuzuma cane abasaba ubuhungiro muri Amerika.
Mu kwezi kwa cumu umwaka ushize, nibwo Amerika yakuyeho itegeko ryabuzabga impunzi kwinjira mu gihugu ukuyemo biriya bihugu 11 byavuzwe hejuru, itegeko ryarwanyijwe cane kuko ryasaga nirikumira aba isilamu.Amerika yavugagako ari mu rwego rwo kurwanya iterabwoba rigenda rifata intera ndende.
Kugeza ubu ntabwo abashinzwe umutekano bagize ico batangaza cane kubijanye niyi ngingo irebana nibihugu 11.